Uko wahagera

Incanco za Covid-19 Zatanguye Gukwirakwizwa Hagati muri Amerika


Amakamyo y'ikompanyi UPS na FEDEX atwaye incanco za Covid-19 zahingiye n'ikompanyi Pfizer
Amakamyo y'ikompanyi UPS na FEDEX atwaye incanco za Covid-19 zahingiye n'ikompanyi Pfizer

Umukomiseri mu kigo FDA, Stephen Hahn, yavuze ko ata gihindutse ibikorwa vyo gutangura gucandaga bitegekanijwe bidatevye kuri uyu wa mbere.

Incanco za Covid-19 zahinguwe n’ihinguriro ry’imiti Pfizer kandi ziherutse kwemezwa gukoreshwa n’ikigo c’Amerika kijejwe kwemeza imiti n’ibifungurwa, FDA zakoranirijwe mu gisagara ca Kalamazoo, muri reta ya Michigan kuri uyu w’Imana. Aha niho zivanwa zitwarwa n’indege mu bibanza vyategekanijwe mu mareta agize Amerika kugira zegerezwe abanyagihugu.

Umukomiseri mu kigo FDA, Stephen Hahn, yavuze ko ata gihindutse ibikorwa vyo gutangura gucandaga bitegekanijwe bidatevye kuri uyu wa mbere.

Abakora mu gisata c’amagara y’abantu hamwe n’abageze muzabukuru basanzwe baba mu mazu bategekanirijwe bazoba aba mbere bazohabwa igice ca mbere c’incanco hafi imiliyoni 2 n’ibihumbi 900.

Abategetsi bakuru bakuru ba reta y’Amerika barimwo abakora muri White House nabo bazoba mu muce wa mbere uzocandagwa mu ntango z’iyi ndwi.

Abakozi begereye Perezida Donald Trump n’abegereye icegera ciwe Mike Pence bazoba aba mbere muri Amerika bazoruhabwa. Ibinyamakuru bivuga ko intumbero ari ugukinga kugira Covid-19 ntizongere gukwirakwire muri White House inyuma y’aho vyagaragaye ko amanama atari make yabaye yatumye habamwo abandura.

Ibi ni mu gihe Amerika yababa 300 000 z’abantu bamaze kwicwa n’uwo mugera hamwe n’abarenga imiliyoni 16 bamaze kwandura, nkuko bishikirizwa na kaminuza Johns Hopkins.

Komiseri Stephen Hahn yavuze ko imiliyoni 20 z’abanyamerika bazohabwa incanco zibiri zibiri nkuko bisabwa gushika mu mpera z’ukwezi kwa cumi na kabiri. Moncef Slaoui, umuhanuzi mukuru wa reta nkuru y’Amerika ajejwe ivyo gucandaga, yavuze ko imiliyoni 100 z’abanyamerika bazoba bacandazwe mu mpera z’ukwezi kwa gatatu.

Slaoui yavuze ko kugira abanyamerika baronke ubudahangarwa kuri uyo mugera, ibice 75 canke 80 kw’ijana bakwiye gucandagwa. Yavuze ko urwo rugero rushobora kuzoshikwako hagati y’ukwezi kwa gatanu n’ukwa gatandatu 2021. Ariko aremeza ko hakiri amakenga mu gihe hari abanyamerika bagifise amakenga yo gufata ingingo nimba bazokwiteza urwo rucanco canke batazobikora.

Umuhinga muvyo gukinga ingwara zandukira, Dr. Anthony Fauci, yavuze ku musi wa kane ko abagenzura imiti hamwe n’abayikora bazotangura kugerageza izo ncanco ku bagore bibungenze hamwe n’abakiri bato.

Uru rucanco rwatanguye kwemezwa n’Ubwongereza mu ntango z’uku kwezi, hanyuma Abongereza batagura kuruterwa kuwa kabiri. Canada nayo nyene yararwemeje kandi vyitezwe ko rutangura gutangwa mu misi iri imbere.

Ibihugu vya Bahrain, Mexique na Arabiya Sawudite navyo nyene vyaremeje ikoreshwa ry’urucanco rwa Pfizer.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG