Uko wahagera

Urucanco rwa Covid-19 Rugiye Guhabwa Uburenganzira muri USA


Urucanco rwa covid-19 rwahinguwe n'amakompanyi Pfizer-BioNTech
Urucanco rwa covid-19 rwahinguwe n'amakompanyi Pfizer-BioNTech

Ni inyuma y’aho ejo kuwa kane abagize akanama ka FDA gashinzwe kwemeza ikoreshwa ry’imiti n’ibifungurwa gakoraniye kagatora kemeza ko urwo runcanco rukoreshwa muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Ikigo c’Amerika kijejwe kugenzura no kwemeza imiti n’ibifungurwa, FDA, vyitezwe ko cemeza ukuri kwamye ikoreshwa ry’urucanco rwa Covid-19 rwahinguwe n’amakompanyi akora imiti, Pfizer yo muri Amerika na BioNTech yo mu Budagi.

Ni inyuma y’aho ejo kuwa kane abagize akanama ka FDA gashinzwe kwemeza ikoreshwa ry’imiti n’ibifungurwa gakoraniye kagatora kemeza ko urwo runcanco rukoreshwa muri Reta zunze ubumwe z’Amerika. Urucanco rwa Pfizer na BioNTech rwerekanye ko rufishe ububasha bwo gukinga Covid-19 ku bice 95 kw’ijana.

Vyitezwe ko FDA yemeza gukoresha urwo rucanco mu buryo bwihuta ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu canke ejo kuwa gatandatu. Iyi ngingo ifashwe mu gihe Amerika yaronse abantu barenga 3100 bishwe na Covid-19 ku musi umwe gusa mu ntango z’iyi ndwi.

Kaminuza John Hopkins yo muri Amerika, ikurikiranira hafi ivy’ico kiza, yavuze ko gushika ejo kuwa kane, Reta zunze ubumwe z’Amerika yari imaze kuronka abanduye uwo mugera barenga imiliyoni 15 n’ibihumbi 500 hamwe n’abarenga 291 000 umaze guhitana kuva ugitangura kugaragara muri Amerika.

Mu bantu 22 bagize akanama ka FDA gashinzwe kwemeza ikoreshwa ry’imiti n’ibifungurwa muri Amerika, 17 batoye bemeza ikoreshwa ry’urwo rucanco muri Amerika, bane baravyanka hamwe n’umwe atashimye kugira ico avuze kuri ico kibazo. Bane babihakanye bashikirije amakenga yo gucandaga abana b’imyaka 16 na 17. Ivyigwa vyakozwe n’abahinga, vyerekanye ko ingaruka urwo rucanco rushobora gutera uwo mugwi w’abo bantu kuri iyo myaka zitazwi neza.

Urwo rucanco rwemejwe gukoreshwa inyuma y’amasaha atari make hihwezwa cane cane ingaruka za Allergie urwo rucanco rwateye mu Bwongereza muri iyi ndwi.

Ingingo yafashwe na FDA yo gukoresha vyihuta urwo rucanco yarashimwe na perezida yatowe Joe Biden. Yavuze ko Amerika igiye kuva mu mwiza ikinjira mu bihe vy’umuco.

Bitegekanijwe ko reta ya Amerika ica yihuta gukwirakwiza incanco zingana n’imiliyoni 6 n’ibihumbi 400 mu gihugu cose. Abazozihabwa ubwa mbere ni abakora mu gisata c’amagara y’abantu.

Ubwongereza bwabaye igihugu ca mbere mu karere ko mu burengero bw’isi bwatanguye gucandaga ku bwinshi abanyagihugu babwo ku musi wa kabiri, inyuma y’aho zemerewe n’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG