Perezida yatowe Joe Biden kuri uyu wa gatatu yasavye abanyamerika kwirinda ikiza c’umugera wa corona kandi abemerera ko Amerika itariko iratsindwa iyi ntambara.
Abishikirije mu gihe Amerika kuri uyu wa kane ihimbaza umusi mukuru w’umuganuro uhimbazwa buri mwaka, wiswe Thanksgiving. Biden yemereye abanyamerika ko hari ivyizigiro, ko ico kiza kitazokwamaho.
Yavuze ko incanco za mbere za COVID-19 zizotangura kuboneka mu mpera z’ukwezi kwa cumi na kabiri, avuga kandi ko igihugu cose kizocandagwa vuba bwango bishobotse.
Mw’ijambo yashikirije ari mu gisagara abamwo ca Wilmington, muri Delaware, Biden yavuze ko abanyamerika bakwiye kwiyubara kuko bamwe bafashe COVID-19 minenerwe, banka kwubahiriza amabwirizwa yo kwikingira.
Biden, bitegekanijwe ko yimikwa kw’itariki 20 z’ukwezi kwa mbere, yavuze ko Amerika yinjiye mu bihe vyo gukanya birebire aho uwo mugera ushobora kwandurwa na benshi mu gihe abantu bokwiyanjanjwako.
Amerika igeze ku bantu barenga 261 000, bamaze kwicwa n’uwo mugera, n’abarenga imiliyoni 12 n’ibihumbi 800 bamaze kwandura, nkuko bishikirizwa ka kaminuza Johns Hopkins University.
Facebook Forum