Uko wahagera

Ubushinwa Burakeza Joe Biden na Kamala Harris


Joe Biden na Kamala Harris
Joe Biden na Kamala Harris

Ubushinwa bwakeje uwatsinze amatora muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden. Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubushinwa, Wanga Wenbin yabitangaje uno musi ku wa gatanu.

Yamanyesheje ko bakeje Joe Biden n’icegera ciwe, Kamala Harris. Avuga ko bakwirikiranye ukugene abanyamerika n’amakungu bishuye ku matora ya prezida yabaye muri Amerika. Ntaco yavuze ku guteba kw’igihugu ciwe ku bijanye n’ukuvuga ku vyerekeye ayo matora.

Wanga Wenbin avuga ko bubaha ingingo abanyamerika bafashe y’uguhitamwo uwuzobayobora. Atangaza ko bumva ko ivyavuye mu matora aherutse kuba muri Amerika bizomenyekana hisunzwe amategeko n’uburyo ibintu bitegerezwa gukwirikizwa mu gihugu.

Joe Biden abonwa ko ari we yakwije amajwi akenewe kugira azobe prezida kw’italiki 20 y’ukwezi kwa mbere kw’umwaka utaha w’i 2021. Gushika ubu Joe Biden, umudemokrate ari imbere cane y’uwo bahiganywe, Prezida Donald Trump, umurepublikani mu majwi abandanya guharurwa y’abatoye kw’italiki ya 3 y’uku kwezi kw’icumi na rimwe.

Ivyavuye mu matora gushika ubu vyaritwariwe mu mesentare. Ntibizotangazwa icese imbere yuko vyemezwa icese n’amareta atandukanye. Kwemeza icese ivyavuye mu matora ntibizorengana italiki 8 y’ukwezi kw’icumi na kabiri kw’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG