Uko wahagera

Abanyabulaya Biteguye Gukorana na Joe Biden


perezida w'akanama ka Bulaya Charles Michel, ibubamfu, perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron, iburyo, shanseliye w'Ubudagi, Angela Merkel, agira kabiri iburyo, mu nama y'ubumwe bwa Bulaya, i Buruseli mu Bubiligi
perezida w'akanama ka Bulaya Charles Michel, ibubamfu, perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron, iburyo, shanseliye w'Ubudagi, Angela Merkel, agira kabiri iburyo, mu nama y'ubumwe bwa Bulaya, i Buruseli mu Bubiligi

Abategetsi bo ku mugabane wa Bulaya bagize ico bavuga mu buryo bwo gushigikira bongera barakeza Joe Biden ku ntsinzi yiwe kuri Donald Trump mu matora yo muri Reta zunze ubumwe z’Amerika. Bongeye baranakeza uwuzoba icegera ciwe, Kamala Harris ku ntambuko yinjiyemwo.

Inyuma y’imisi bari bamaze barindiriye irangira ryo guharura amajwi, Umugabane wa Bulaya ufise ivyizigiro ko hagiye kuba ibihe bishasha vy’imigenderanire na Amerika.

Perezida wa komisiyo y’umuryango wa Bulaya, umupfasoni Ursula von der Leyen, yakeje abagiye kuzoba abategetsi bashasha ba Amerika. Yavuze ko Ubumwe bwa Bulaya na Reta zunze ubumwe za Amerika ari incuti kandi bafise ivyo bakorera hamwe. Yavuze ko mu gihe isi ibandanya guhindagurika, kandi ibigorana bishasha n’akaryo keza birushiriza kwibonekeza, ukunagura ubucuti bizoba ivy’agaciro kanini.

Perezida w’inama nshingamateka ya Bulaya, David Sassoli, yavuze ko isi ikeneye imigenderanire ikomeye hagati y’ubumwe bwa Bulaya na Reta zunze ubumwe z’Amerika, hamwe no kwongera kuvugurura imigenderanire izoshobora guhangana n’ibibazo vy’iki gihe.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson nawe nyene yashimikiye ku migenderanire y’izo mpande zibiri. Mu butumwa bwiwe bwa Twitter, Johnson yavuze ko Amerika ari igihugu kigenzi n’Ubwongereza gikomeye, ko yiteguye ko bakorana ku vyihutirwa basangiye, biva kw’ihindagurika ry’ibihe, ubudandaji hamwe n’umutekano.

Nawe shanseliye w’Ubudagi, Angela Merkel, yakeje bompi uwatowe kuzorongora Amerika Joe Biden n’icegera ciwe Kamala Harris. Yavuze ko abipfurije amahirwe no kuroranirwa.

Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron hamwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, Giuseppe Conte, mu butumwa banditse babicishije ku rubuga rwa Twitter, bavuze ko biteguye gukorana na reta nshasha ya Amerika. Macron yavuze ko abanyamerika bitoreye perezida wabo. Yongera ko hari vyinshi vyo gukorera hamwe kugira bakemure ibibazo bihari iki gihe, ati reka dukorere hamwe.

Nawe Conte, umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, igihugu gisanzwe gifitaniye na Amerika imigenderanire ya hafi kuva kera, yavuze ko biteguye gukorana na Joe Biden kugira imigenderanire ya Bulaya na Amerika ikomere. Yavuze ko Amerika ishobora kwizigira Ubutaliyano nk’umugenzi akomeye.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu, yakeje uwugiye kuzoba umutegetsi mushasha wa Amerika, mu mwanya muremure ugereranije n’abandi bategetsi. Yavuze ko we na Biden basanzwe bafitaniye ubucuti bw’imyaka hafi 40, avuga ko amubona nk’umugenzi akomeye wa Isirayeli kandi yiteguye gukorana nawe. Yashimiye kandi Donald Trump ku buvandimwe yeretse Isirayeli hamwe na we ubwiwe, ku kubona yaremeye Yerusalemu na Golan.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG