Uko wahagera

Tanzaniya Irakeza Uburundi ku Ntambwe yo Gutanga Ubutegetsi


Jakaya Kikwete yahoze ari Perezida wa Tanzaniya na Pascal Nyabenda atwara inama nshingamateka y'Uburundi mu birori vyo kurahiza Perezida Ndayishimiye.
Jakaya Kikwete yahoze ari Perezida wa Tanzaniya na Pascal Nyabenda atwara inama nshingamateka y'Uburundi mu birori vyo kurahiza Perezida Ndayishimiye.

Perezida Evariste Ndayishimiye yarahiriye gutangura amabanga yiwe kuri uyu wa kane. Ndayishimiye nta mukuru w’igihugu mugenzi we yavuye hanze aza kumushigikira.

Ico bikoze hari abaserukira ibihugu 6 nk’uko vyashikirijwe n’umworosha w’amajambo muri ivyo birori. Ivyo bihugu na vyo ni Tanzaniya, Kenya, Kongo, Gabon, Guinée Equatoriale na Misiri.

Kw’izina ry’abo batumire ba kava ntara, Jakaya Kikwete yahoze atwara igihugu ca Tanzaniya abona ko Uburundi bwateye intambwe kuko hasigaye haba kubisikanya ku butegetsi mu mahoro.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

Tanzaniya Irakeza Uburundi ku Ntambwe yo Gutanga Ubutegetsi "mu Mahoro"
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:52 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG