Uko wahagera

Red-Tabara Yemeje ko Yagavye Igitero ku Kibuga c'Indege i Bujumbura


Ikibuga c'Indege Red Tabara yemezako yagavyeko igitero ku mugoroba wo ku wa gatandatu
Ikibuga c'Indege Red Tabara yemezako yagavyeko igitero ku mugoroba wo ku wa gatandatu

Umuhari RED-Tabara urwanya ubutegetsi bwo mu Burundi uvuga ko warashe ibisasu vyinshi ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Bujumbura, mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu nk’isaha zitanu. Ni mw’itangazo ritoya uwo muhari washize ahabona ubicishije ku rubuga rwa Twitter.

RED-Tabara muri iryo tangazo wagize uti: "Twaratanye mu mitwe mu gihe nk’ic’isaha imwe n'abasirikare bo muri bimwe mu birindiro bicungera ikibuga c’indege. Twica abasirikare batari bake b'Uburundi.

Igisirikare c'Uburundi kirahakana ko ico gitero cabaye. Mu majambo make, Col Floribert Biyereke akivugira yabwiye Ijwi ry'Amerika ati: " Ivyo muvuga twebwe ntavyo tubona”. Bamwe mu banyagihugu baba ku nkengera y’ico kibuga c’indege mu makaritiye ya Rukaramu na Maramvya bemereye ariko Ijwi ry'Amerika ko mw’ijoro buca haba ku wa Mungu bumvise inkoho nyinshi. Umwe muri bo yagize ati : “Twari tugira tuje kuryama, duca twumva amasase menshi yamaze nk’isaha imwe canke irenga gato. Harimwo n’ibisasu bimeze nk’amabombe vyaturitse cane incuro nka 7 canke 8. Gushika ubu ntituramenya ivyo ari vyo”.

Mu gihe ico gitero cavuzwe hasigaye amasaha make ngo umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, afate urugendo rumujana i New York mu nama nkuru ya ONU igira 76.

Mu kiganiro Patrick Nahimana avugira RED Tabara yahaye umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, yasiguye ko urugamba barimwo atari urwo kubuza ingendo za Prezida Ndayishimiye, yongera yemeza ko bari ku butaka bwose bw'Uburundi

Red Tabara Irasigura Igituma "Yateye Ikibuga c'Indege i Bujumbura"
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:02 0:00

Abanyagihugu baba mu Rukaramu ahegeranye n'ikibuga c'indege gikuru c'Uburundi nabo babwiye Ijwi ry'Amerika ko umutekano wakajijwe bikomeye ku nkengera y’ico kibuga c’indege, ndetse ko hiriwe harakorwa amasakwa mu mazu muri ico gice. " Abasirikare n’abapolisi benshi ni bo bahazungurutse" nk’uko abo banyagihugu babitangarije Ijwi ry'Amerika.

Ikibuga c’indege ca Bujumbura ni co conyene Uburundi bufise gikoreshwa mu ngendo ziva canke zija hanze y’igihugu. Kuri uyu wa mungu, abakozi b’ikibuga c’indege bavuze ko ibikorwa bitahungabanye: “Indege y’Ababiligi, n’iya Etiyopiya zazanye abantu ata ngorane. Hari n’abandi bafashe ingendo. Ayo masase ntaco yahungabanije, nta n’icononekaye”, umwe muri bo ni ko yabwiye Ijwi ry'Amerika.

Ico kibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye gifatanye n’ishamba cimeza rya Rukoko. Abarwanyi ba RED Tabara, biyemerera ko bafise ibirindiro muri iryo shamba cimeza no mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo, hakurya ya Rusizi, uruzi rugabura ivyo bihugu bibiri. Reta y'Uburundi yo yamara ivuga ko ata muhari urwanya ubutegetsi bwayo uhari, ahubwo abakunda kuvuga ko bateye Uburundi ari "abagizi ba nabi".

Umuhari RED Tabara wavutse mu 2015 ubutegetsi bw'Umuhisi Petero Nkurunziza yatwara Uburundi ico gihe bumaze guhakwa guhirikwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG