Uko wahagera

USA: Prezida Ndayishimiye Yitezwe i New York mu Nama ya 76 ya ONU


Prezida Evariste Ndayishimiye ku kibuga c'indege gikuru co mu Burundi. Aha, yari atahutse ava mu rugendo yakoreye muri Misiri mu ntango za 2021
Prezida Evariste Ndayishimiye ku kibuga c'indege gikuru co mu Burundi. Aha, yari atahutse ava mu rugendo yakoreye muri Misiri mu ntango za 2021

Inama igira 76 y’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, yatanguye ku wa kabiri w’indwi iheze irabandanya muri Reta ya New York iri mu buraruko bushira ubuseruko bw’Amerika. Abakuru b’ibihugu n’amareta bazotangura gushikiriza amajambo yabo ku wa kabiri w’indwi iza.

Mu bategetsi bo mu muryango w’akarere ka Afurika y’ubuseruko vyitezwe ko bitaba ino nama, harimwo prezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye bitegekanijwe ko aza guharuka ku mugoroba w’uno wa Mungu. Aza guherekezwa n’abategetsi barimwo umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Albert Nshingiro, uw’uwumuvugira Evelyne Butoyi n’abandi bakozi bo mu biro vyiwe.

Urugendo rwiwe rwa mbere muri Amerika nk’umukuru w’igihugu rubaye mu gihe umurwi, Red Tabara, urwanya Reta aramutswa wemeza ko waraye ugavye igitero ku kibuga c’indege gikuru ca Bujumbura citiriwe Melchior Ndadaye aza guhagurukirako ku mugoroba w’uno wa Mungu. Igisirikare c’Uburundi kirahakana ariko ko ata gitero cigeze kigabwa kuri ico kibuga.

Kuva ikiza ca Virusi ya Corona caduka, ni ubwa mbere inama nkuru y’ibihugu bigize ONU ibaye imbonankubone: Iyo mu mwaka uheze yabaye hifashishijwe za videwo. Naho biri uko, igice ca gatatu c’indongozi z’ibihugu 193 bigize ONU bazorungika ubutumwa bwabo bakoresheje videwo kubera ikibazo c’ugucandarwa.

ONU yavuze ko abazokwinjira bose mu nyubako zayo, babwirizwa kuzoba baricandagishije. Nta n’umwe ariko naho biri uko azosabwa kwerekana icemezo c’uko yacandazwe: Nka prezida wa Brezile Jair Bolsonaro bitegekanijwe ko azoba uwa mbere mu kuvuga ntiyigeze yicandagisha. Mu ndwi iheze, yavuze ko afise “ ubudahangarwa kuko yigeze kwandura umugera wa Covid-19.”

Reta ya New York irategekanya ko mu kiringo c’imisi inama izomara, mu micungararo ya ONU hazoshirwaho ibibanza vyo kwipimishirizamwo ikiza ca Covid-19 no kwicandagisha kwa gusa. Incanco zizotangwa azoba ari izakozwe na sosiyete ya Johnson & Johnson zitangwa kuri doze imwe rudende.

Hagati aho, abategetsi b’ibihugu bigize ONU mu nama nkuru ya 76 y’ibihugu bigize ONU bazoshimikira ahanini ku kuraba icokorwa mu ntumbero yo gutuza ikiza ca Virusi ya Corona n’ugukingira ibidukikije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG