Uko wahagera

Petero Buyoya Yahoze Atwara Uburundi Yashinguwe muri Mali


Ikiziga ca Nyakwigendera Pierre Buyoya
Ikiziga ca Nyakwigendera Pierre Buyoya

Pierre Buyoya yahoze atwara Uburundi yashinguranywe iteka kuri uyu wa kabiri i Bamako ku murwa mukuru w’igihugu ca Mali. Ibirori vyo gushingura uyo yatwaye Uburundi ikiringo kirenga imyaka cumi vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu ca Mali Bah N’DAW, n’abandi banyacubahiro batari bake bagize Reta ya Mali hamwe n’abaserukira umuryango w’Ubumwe bwa Afrika.

Umumenyeshamakuru akorera igisata c'Ijwi ry'Amerika muri Mali, Kassim Traore, yari ahabereye imihango yavuze ko ata mutegetsi n'umwe yarungitswe na Reta y'Uburundi. Umwe mu bagize umuryango wa Nyakwigendera Buyoya na we yabwiye Ijwi ry'Amerika ko umuryango wari washatse ko uwabo ahambanwa iteka mu gihugu ciwe. Uburundi ivyo bwari bwaravyemeye ariko busaba ko bibaye yoshingurwa nk’umunyagihugu w’umurundi asanzwe, ntahabwe ivyubahiro vy’uwahoze atwara igihugu.

Ibi vyemejwe n’umwe mu begereye igisata co kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Yagize ati : “Buyoya yaheruka gucirirwa igihano co gufungwa ubuzima bwiwe bwose kubera uruhara yoba yaragize mw’igandagurwa ry’uwamusubiriye Perezida Ndadaye Melchior. Buyoya kandi ari mu bansi b’igihugu bashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015. Urumva ko umuntu nk’uwo ata cubahiro gikomeye igihugu comuha”.

Umuryango wa Pierre Buyoya wavuze ko utari kwemera ko uwo muhisi adahabwa ivyubahiro akwiriye vy’uwahoze atwara igihugu. Wemeje ko igihugu ca Mali ari co cawusavye yoshinguranwa iteka muri ico gihugu yaramazemwo imyaka 8 akoreramwo nk’intumwa idasanzwe y’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika. Umuryango umaze kuvyemera, amakuru Ijwi ry'Amerika rifise, avuga ko ico gihugu ca Mali caciye ciyemeza kuriha ibikenewe vyose kugira ikiziga ca Nyakwigendera Pierre Buyoya gikurwe i Paris mu Bufaransa aho yaguye kw'igenekerezo rya 17 uku kwezi, gushika ku birori vyo kumushingurana iteka mw’itongo ry’abapfuye rya Katolika ahitwa Coura ku murwa mukuru Bamako.

Uwanonosoye ivy’amategeko mpuzamakungu, akaba yaranabaye umukenguzamateka, Emmanuel Nkengurutse, yabwiye Ijwi rya Amerika ko ari itunga ry’igihugu rigiye ahandi, yamara ko ibisigarira vya Perezida Buyoya bizoteba bitahukanwa mu gihugu ciwe. Kuri we, kubona kuva Buyoya yitaba Imana gushika ubu, Reta y’Uburundi ataco iravuga kuri urwo rupfu canke ngo ihoze umuryango wabuze ku mugaragaro, biha ishusho mbi igihugu.

Pierre Buyoya si we mukuru w’igihugu wa mbere mu Burundi aguye hanze y’igihugu, ariko ni we wa mbere igihugu canse kwakira ngo kimuhambishe. Uwo yakomboye ku butegetsi Jean Baptiste Bagaza yaguye mu gihugu c’Ububiligi mu mwaka w’i 2016 ahambwa mw’itongo ryiwe i Kiriri i Bujumbura. Michel Micombero yatwaye Uburundi imbere ya Bagaza, yaguye mu buhungiro mu gihugu ca Somaliya mu mwaka w'i 1983, ahambwa ku musozi avukako muri komine Rutovu intara ya Bururi, ari na ho Bagaza na Buyoya bavuka. Cyprien Ntaryamira na we yaguye mu ndege yakororewe mu Rwanda ari kumwe na mugenzi we Juvenal Havyarimana mu mwaka w’1994, ahambwa i Bujumbura.

Uwo ibisigarira vyiwe bikiri mu gihugu c’Ubuswise ni umwami wa kane Mwambutsa Bangiricenge yitavye Imana mu 1977. Mu mwaka w’i 2017, igihugu ciwe cashaste gutahukana ibisigarira vyiwe yamara umwishwa wiwe Esther Kamatari araburana aratsindira ko Bangiricenge ahambwa mu Buswise.

Abanya Mali bemeye kugira intatemwa ya Perezida Pierre Buyoya icibutso c’amahoro kuko yafashije ico gihugu kugarukana amahoro n’umutekano kuva mu mwaka w’i2012.

Fyonda munsi wumve ibindi muri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru

Nta Mutegetsi w'Uburundi Yaherekeje Perezida Buyoya
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:51 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG