Uko wahagera

Perezida George Weah Yagirizwa Gushaka Kwitoreza Manda ya Gatatu


Perezoda George Weah yimikwa mu 2018
Perezoda George Weah yimikwa mu 2018

Liberiya ku munsi wa kabiri izotunganya amatora ya "Ego" canke "Oya" kw’ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro rigenga ico gihugu kuva mu 1986. Mu ngingo bitegekanijwe ko abanyagihugu bemezako zohinduka, harimwo ko manda y’umukuru w’igihugu yovanwa ku myaka itandatu ikaja kuri itanu, ibiringo vy’abakenguzamateka n’abashingamateka na vyo nyene bikagabanywa.

Abatavuga rumwe na Reta muri ico gihugu batanguye yamara kwinubira uwo mugambi bavuga ko ugamije kuzohava uha uburenganzira Perezida George Weah, bwo kwitoreza manda ya gatatu. Umwe mu bakenguzamateka batavuga rumwe na Reta yashikirije aya makenga asigura ko Perezida Weah ibi vyose ariko ashaka kubikora "kugira azoshike mu 2034 agitegeka".

Senateri Darius Dillon yagize ati: “ Manda ya mbere yiwe y’imyaka itandatu birumvikana ko azoyimara kuko igengwa n’ibwirizwa nshingiro yatoreweko. Niyamara kuyimara ariko mu 2024, ibwirizwa nshingiro rimaze guhindurwa, azoba afise uburenganzira bwo kwitoreza iya kabiri izomara imyaka itanu ikamushikana mu 2029, hama inyuma yaho, yiyongeze iya gatatu y’imyaka itanu ishobora kuzomushikana mu 2034.”

Abagereye George Weah yamamaye muri kahise nk’umukinyi w’umupira w'amaguru, ivyo vyagiriji bavyamirira kure basigura ko atokwiyumvira ivya manda ya gatatu n’iyambere itarahera. Mu ndwi iheze, uwo mutegetsi mu myiyerekano y’ayo matora ya kamarampaka yo ku wa kabiri yahamagariye abanyagihugu gutora "Ego", abumvisha ko ata kamaro ko kumara imyaka myishi ku butegetsi, manda za perezida zikwiye kuvanwa ku myaka itandatu zigashirwa kuri itanu.

Urunani ruhurikiyemwo imigambwe ine itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Liberiya rwitwa, CPP, rwo rwasavye abanyagihugu kutaja muri ayo matora rwise “Umukino wa Politike.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG