Uko wahagera

Liberiya: Perezida Weah Aripfuza Kugabanya Imyaka y'Ibiringo


Perezida wa Liberiya George Weah mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku ngoro ya perezida wa Cote d'Ivoire, Abidjan, mu kwezi kwa kane itariki 4, 2018.
Perezida wa Liberiya George Weah mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku ngoro ya perezida wa Cote d'Ivoire, Abidjan, mu kwezi kwa kane itariki 4, 2018.

Perezida wa Liberiya, George Weah yashikirije ivyipfuzo vyo kugabanya imyaka y’ibiringo vy’abagize reta hamwe n’abashingamateka.

Mu mugambi wiwe, ashikiriza ko perezida n’abashingamateka botorerwa ibiringo vy’imyaka itanu mu gihe ubu bamara imyaka itandatu, abasenateri nabo botorerwa ikiringo c’imyaka indwi aho gutorerwa icenda.

Kubwa Weah, ivyo ni mu ntumbero yo guhamagarira abategetsi kwihutira gukorera abanyagihugu kuva ku musi wa mbere bacinjira muri ayo mabanga, aho kurindira gushika bagira baheze ibiringo vyabo, nkuko vyashikirijwe n’umunyamabanga wiwe, Smith Toby.

Si ubwa mbere iciyumviro nk’iki co kugabanya imyaka y’ibiringo gishikirijwe.

Komite yihweza ibwirizwa shingiro ku ntwaro ya Ellen Johnson Sirleaf, yarashikirije iki cipfuzo haraheze imyaka itari mike. Ariko inyuma y’ibiganiro vyabaye mu gihugu cose, ntacashitsweko.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG