Uko wahagera

ONU Yiyemeza Kuzoguma Hafi Liberiya


Icegera c'umunyamabanga mukuru wa ONU, Amina J Mohammed, ibubamfu, aramukanije na perezida wa Liberiya George Weah i Monrovia, itariki 22/03/2018.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritangaza ko rizobandanya rifata mu mugongo igihugu ca Liberiya cane cane mu bijanye no gusubiza hamwe abanyagihugu, inyuma y’itariki 30 y’ukwezi kwa gatanu, aho ikiringo caryo mur’ico gihugu kizoba kirangiye. Ivyo vyatangajwe kur’uyu wa kane i Monrovia n’icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU, Amina Mohammed.

Umupfasoni Mohammed yakiriwe na Perezida wa Liberiya George Weah kur'uyu wa kane, mu gihe hasigaye indwi imwe ngo ONU irangize imirimo yayo mur’ico gihugu kiri mu bikenye cane mu karere ka Afrika y’uburengero.

Inteko za ONU zagiye muri Liberiya mu kwezi kwa cumi umwaka wa 2003, inyuma y’aho hadukiye intambara y’abonse rimwe yaheze ihitanye abashika ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG