Umukuru w’igihugu mushasha wa Liberiya George Weah yatangaje kur’uyu wa mbere ko afise umugambi wo guhindura ibwirizwa shingiro, akuremwo agace kavuga ku gutanga ubwenegihugu ufatiye ku rukoba, yongere yigabanirize umushahara kugeza ku bice 25%.
George Weah, yatanguye amabanga yo kurongora Liberiya kw’itariki 22 z’ukwezi kwa mbere, asubirira Ellen Johnson Sirleaf, umukenyezi wa mbere yabaye perezida muri Afurika.
Mw’ijambo yashikirije imbere ya sena n’inama nshingamateka, perezida Weah yavuze ko bidakwiye ko haba ivangura rifatiye ku rukoba.
Uwo mukuru w’igihugu mushasha yongeye kandi aranegura kubona abanyamahanga batemerewe kugira amatongo, kubwiwe ngo vyatumye batiyumvamwo igihugu.
Weah avuga kandi ko atumva icotuma abanyamahanga batemererwa kugira ubwenegihugu bubiri mu gihe Abanyaliberiya bahunze intambara zo mu myaka ya 1989-2003 bahawe ubwenegihugu n'ibihugu vyabakiriye.
Facebook Forum