Uko wahagera

Liberiya: Perezida Ellen Johnson Yarakuwe mu Mugambwe


Perezida wa Liberiya Ellen Johnson Sirleaf

Umugambwe Unity uri ku butegetsi muri Liberiya ku musi wa gatandatu warirukanye mu mugambwe Perezida Ellen Johnson Sirleaf.

Yahowe ko atashigikiye icegera ciwe Joseph Boakai, yari yatowe n'uwo mugambwe kuwuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu ahitiye.

Boakai, Yar’amaze imyaka 12 ari icegera ca perezida Johnson Sirleaf yatsinzwe na George Weah yahoze ari umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru.

Johnson Sirleaf, ntiyari yemerewe kwitoza kuko yari yakwije ibiringo bibiri ari ku butegetsi yemererwa n’ibwirizwa nshingiro rya Liberiya.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG