Uko wahagera

ONU Ihangayikishijwe n'Intambara z'Indimi muri Kameruni


Zeid Ra'ad al-Hussein atwara igisata ca ONU citaho agateka ka zina muntu
Zeid Ra'ad al-Hussein atwara igisata ca ONU citaho agateka ka zina muntu

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje kuri uno wa kane ko ritewe amakenga n’ico ryise “Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu” ryabaye ndanse mu burere bukoresha ururimi rw’icongereza muri Kameruni.

Mu cegeranyo cashizwe ahabona uno musi, igisata ca ONU kiraba ivy’agateka ka zina muntu casiguye ko imirwi yitwaje ibirwanisho ikomeje kwica abantu, kubanyuruza no guturira amazu n’amashure.

Mu gihe ku bwa ONU igikorwa nyamukuru ca Reta cabwirijwe kuba ico gukingira abanyagihugu, abajejwe umutekano bakoresha inguvu zituma vyunyuka gusumba.

Umupfasoni Ravina Shamdasani avugira komiseri ajejwe agateka ka zina muntu muri ONU yabwiye Ijwi ry’Amerika ati :“ Imyiyerekano yatanguye igamije gusaba ko amahirwe mu buzi ku bakoresha icongereza yonganishwa n’ayabakoresha igifaransa isa nk’iyiriko ifata iyindi ntumbero. Inguvu zikoreshwa ku mpande zose zabaye ndanse.”

Umuvugizi w’igisirikare muri Kameruni yamiriye kure yongera yita ibihuha ivyagiriji vya ONU vy’uko hari abajejwe gucungera umutekano baboreza igufa abanyagihugu baka bapfungira ubusa.

Mu gihe Reta ya Kameruni yimye impusha abahinga ba ONU bari basavye kuja gukora amatohoza acukumbuye, iryo shirahamwe ryongeye gusaba guhabwa uruhusha rwo kwishikira ku rubuga gutyo ikinyoma kigakubitirwa ahashashe.

Kuva iryane zifatiye ku bakoresha ururimi rw’igifaransa n’icongerezamuri Kameruni zadutse mu 2016, abagera ku 21.000 barataye izabo barahunga, abaharurwa mu 160.000 nabo begeranirizwa mu makambi ari hagati mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG