Uko wahagera

Kameruni: Abajejwe Umutekano Bapfira mu Mirwano Bariyongera


Abapolisi bameze magabo i Bamenda, Kameruni, itariki 22/02/2018.
Abapolisi bameze magabo i Bamenda, Kameruni, itariki 22/02/2018.

Reta ya Kameruni ivuga ko ibitigiri vy’abasirikare n’abaporisi bishwe bariko barwanya umurwi w’abavuga icongereza bashaka kwiyonkora ku ntara zivuga igifaransa vyiyongereye biva kuri 80 bishika kw’100 mu ndwi zibiri ziheze. Reta ivuga kandi ko abajejwe umutekano banyuruzwa nabo babandanya kwiyongera.

Mugihe abasivile hamwe n’abashaka kwiyonkora bagiriza igisirikare n’igiporisi guhohotera ikiremwa muntu, abasaba ko haba ibiganiro vyo guhagarika intambara baguma biyongera.

Amashirahamwe yo muri Sosiyete sivile ariko asaba Perezida wa Kameruni Paul Biya kubohora abakuru b’imirwi y’abarwanyi kugira amahoro agaruke kandi n’ubwicanyi buhagarare.

Umushikiranganji wa mbere wa kameruni, Philemon Yang, yatangaje ko abantu baharurwa mu majana bamaze kwicwa, abandi ibihumbi 74 bahungira hagati mu gihugu kandi babangamiwe n’inzara hamwe n’ingwara. Yavuze kandi ko abandi ibihumbi 21 bahungiye mu gihugu kibanyi ca Nijeriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG