Uko wahagera

Bamwe mu Bagizwe Imbohe n’Abaroberi muri Kameruni Babohowe


Kameruni kw'ikarata
Kameruni kw'ikarata

Abategetsi muri Kameruni babohoje abantu 18 bari bagizwe imbohe n’abarwanyi bipfuza ko intara yo mu buraruko bw’igihugu isanzwe ikoresha ururimi rw’icongereza yigenga. Abantu cumi na babiri mu babohowe, bari ingenzi z’Abanyaburaya. Abandi bantu batari bake baracari mu minwe y’abo barwanyi.

Kur’uno musi wa kabiri abo bantu babohowe na reta niho bashikanwa mu gisagara ca Yaounde, umumenyeshamakuru w’ijwi ry’Amerika ari mur'ico gisagara Moki Edwin amenyesha ko cumi na babiri muri bo baje basa n’abashonje kandi kw'imyambaro yabo itari imeze neza.

Umushikiranganji wa Kameruni ajejwe gutanganza amakuru, Issa Tchiroma, amenyesha ko abantu indwi mu bari bagizwe imbohe baje muri Kameruni bava mu Busuwise, abandi batanu mu Butaliyano. Bose bari bagizwe imbohe mw’ishamba ry’i Manyu, akarere ko mu bumanuko bushira uburengero bwa Kameruni, ku rubibe na Nijeriya.

Ukwo kugira imbohe abo bantu, kwabaye inyuma y’intambara hagati y’abasirikare ba reta n’abo barwanyi bariko barondera ubwigenge bw’ako karere kavuga icongereza.

Tchiroma atangaza kandi ko ari abanyagihugu baberetse aho abo bantu bari baranyegejwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG