Uko wahagera

Abasirikare 84 Baguye mu Ntambara muri Kameruni


Ikarata ya Kameruni
Ikarata ya Kameruni

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Kameruni Philemon Yang yatangaje ko abasirikare n’abapolisi bagera kuri 84 baguye mu mishamirano yabahuje n'abanya kameruni bavuga icongereza bashaka kwiyonkora baharanira ko igihugu cokoresha urwo rurimi.

Philemon Yang kuri uno wa gatatatu yari yavuze ko reta ya Kameruni yategekanije imfashanyo y’imiliyoni 220 yo kugarukira abanyagihugu ibihumbi amajana n’amajana babayeho nabi kubera ibitero bikorwa n'abahiga kwiyonkora.

Umushikiranganji Yang asigura ko abariko bakorwako n'uwo ruhagarara ari ahanini abanyagihugu baba hagati mu ntara ziri kure y'umurwa mukuru, agahamagarira abanyagihugu gufatana munda.

Abanyagihugu bavuga icongereza muri Kameruni bangana n'ica gatanu c'imiriyoni 25 z'ababa muri ico gihugu. Basigura ko bashaka kwigenga kuko ku bwabo badafashwe neza nk'abavuga igifaransa.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu, Amnesty International riheruka gutera akamo impande zishamiranye gushira imbere ineza y'igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG