Uko wahagera

Igisirikare ca Kameruni Cabohoje Ibigwati vya Bafia na Muyenge


Abasirikare ba Kameruni

Igisirikare ca Kameruni cigaruriye ibigwati bibiri vyari vyarafashwe n’abagwanyi reta yita abagizi b’iterabwoba bashaka ko igihugu gicikamwo ibice bibiri. Abo bantu bari baratanguye gutoza amakoli no guca imanza muri za sentare kimwe no gucira imanza zo gupfungwa kubantu batemera ibivuye muri izo manza.

Ivyo bitangajwe mugihe abantu bagarutse gukorera no gusumira mw’isoko ryaho i Bafia, muburaruko bushira uburengero bwa Kameruni inyuma yamezi abiri. Bafia ni kimwe mubigwati abategetsi baho bari baravuze ko cari carafashwe n’abagwanyi bise abagizi b’iterabwoba. Abanyagihugu muri ako karere bavuga ko umuntu yiyise komanda General Armstrong yari yashinze ikambi muri ico kigwati.

Muyenge ni ikindi kigwati kiri ku birometero 10 uvuye I Bafia. Naco cari carafashwe n’abo bagwanyi ikiringo c’ukwezi.

Reta ya Kameruni yemereye abanyagihugu mu turere dukoresha ururimi rw’icongereza ko igiye gucungera umutekano wabo

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG