Reta ya Kameruni itanganza ko amasanamu ya videwo aheruka gushirwa ahabona yerekana igisirikare cayo kiriko kigandagura abagera kuri batanu bakekwa ko ari abihevyi n'inzoya zabo zitandatu ari irementanya ry'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bagamije kuyambika iceyi.
Umushikiranganji ajejwe guhanahana amakuru akaba n’umuvugizi wa reta, Issa Tchiroma avuga kw’igisirikare c’ico gihugu camye cubahiriza amategeko.
Avuga ko kibikora mu rugamba rwaco rwo kurwanya Boko Haram mu karere k’uburaruko bw’igihugu, ku mupaka na Nijeriya, mu kurwanya imirwi y’abitwaje ibirwanisho muri Centre Afrique itera imipaka yayo mu buraruko, hamwe n’imirwi y’abashaka kwiyonkora mu gace k’igihugu kavuga icongereza.
Ayo masanamu ya videwo ateye agahinda yagiye arahererekanya cane ku rubuga rwa internet yerekana abagabo bambaye imyambaro y’igisirikare ca Kameruni bariko barica abagore n’abana babo, iruhande yabo hakaba hari abandi bagore bariko barabirabana umubababaro mwinshi. Umwe mur'abo bantu bambaye imyambaro y’igisirikare yavuga mu gifaransa ko badakunda kwica abantu ariko ko ata kundi vyari kugenda.
Facebook Forum