Uko wahagera

Nawaz Sharif Yayoboye Pakistani Yemerewe Kuja Kwivuza


Nawaz Sharif

Ubutungane muri Pakistani bwarekuye uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu Nawaz Sharif kugira ashobore kwivuza.

Nawaz Sharif yemerewe kuja kwivuza arinze gutanga ingwati y’amafaranga yababa ibihumbi mirongo itandatu y’ama Euros.

Ingingo yo kwemerera Sharif kwivuza ifashwe inyuma yaho abaganga bamukurikirana batangiye ivyemezo ko afise ingwara ikomeye y’amaraso ibwirizwa kuvugwa vyihuta.

Nawaz Sharif w’imyaka 69 yari amaze igihe arwariye mu gasho. Yaciriwe umunyororo w’imyaka indwi inyuma yo kwagirwa n’ivyaha vy’ibiturire no guhisha amatungo afise. Sharif yabaye umushikiranganji wa mbere wa Pakistani mu biringo bitatu imbere yuko yeguzwa kubera ivyo yagirizwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG