Uko wahagera

Sentare ya Pakisitani Isaba Nawaz Sharif Gutanga Imihoho


Sentare nkuru y’igihugu ca Pakistani yatse umushikiranganji mukuru Nawaz Sharif uburenganzira bwo kurangura amabanga ayariyo yose ya reta. Iyo sentare yongeye imutegeka gutanga imihoho mu mabanga yari asanzwe arimwo buno nyene.

Umuvugizi mubiro vy’uyo mushikiranganji yabitanganje inyuma yaho sentare ishikirije iyo ngingo anavuga ko Sharif yemeye iyo ngingo naho atayishimye nagato. Yavuze kandi ko Sharif yaciye akinjura mu kazi kiwe k’umushikiranganji mukuru.

Sentare ivuga ko uwo mutegetsi aterekanye iyo yakuye amafaranga afise mububiko bw’amabanki ari mumahanga mu gihe c’amatora yo mu mwaka wi 2013. Iyo sentare ivuga ko Sharif yashikirije ubutungane impapuro z’impimbano kandi ko ari umubeshi. Kubwivyo sentare ivuga ko adakwiye kuba umushingamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG