Uko wahagera

Pakistani: Nawaz Sharif Yaciriwe Umunyororo w'Imyaka 10


Ousted former Pakistani prime minister Nawaz Sharif looks on as he attends a seminar on 'Upholding the Sanctity of Ballot based on the Constitution, Democracy, Supremacy of Parliament and Rule of Law', in Islamabad on April 17, 2018. Pakistan's supreme c

Sentare irwanya ibiturire muri Pakistan kuri uyu wa gatanu yaciriye urubanza uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Nawaz Sharif igipfungo c’imyaka 10 hamwe n’amande y’imiliyoni zirenga 10 z’amadolari y’Abanyamerika, ahowe kunanirwa kwerekana we n’umukobwa wiwe ingene baronse amazu bafitiye mu mahanga.

Iyo sentare yaciriye kandi umukobwa wiwe, umunyapolitike, Maryam Nawaz, imyaka indwi y’igipfungo n’amande y’imiliyoni 2.5 z’amadolari ku ruhara afise muri ayo matungo.

Umushingwamanza wa reta, Sardar Muzaffar Abbasi, yabwiye abamenyeshamakuru ko yategetse ko amatungo bafitiye i Londres mu Bwongereza ashirwa mu minwe ya reta ya Pakistani.

Umuryango wiwe urahakana ivyo vyagiriji, ukavuga ko bifise imvo za politike.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho mu mwaka w’2017 Nawaz Sharif yasunitswe ku nguvu kuva ku butegetsi ku vyagiriji vyo kurya ibiturire.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG