Uko wahagera

Jacob Zuma Ashobora Gukomborwa Umwanya n'Umwanya


Perezida Jacob Zuma ava mu biro vya Perezida w'inama nshingamateka i Cape Town, Afrika y'epfo, ukwezi kwa kabiri, itariki 7, 2018
Perezida Jacob Zuma ava mu biro vya Perezida w'inama nshingamateka i Cape Town, Afrika y'epfo, ukwezi kwa kabiri, itariki 7, 2018

Urwego rujejwe gufata ingingo zikomakomeye mu mugambwe uri ku butegetsi muri Afurika y'epfo, ANC, rwakoranye mu nama rukokoma yo guheraheza ikibazo co kuvana ku butegetsi Perezida Jacob Zuma.

Urwo rwego rugizwe n'abantu 107, rurafise ububasha bwo gutegeka Zuma kuva ku butegetsi, nk'uko rwabikoze mu mwaka w’i 2008 ku ntwaro ya Thabo Mbeki.

Ari nka hamwe Perezida Zuma yokwanka gukinjura akurikije amategeko ya ANC, inzira izoba isigaye azoba ari iyo gukomborwa biciye mu nama nshingamateka.

Mu ndwi Iheze, Cyril Ramaphosa aramutswa ANC, yaragiranye ibiganiro na Perezida Zuma amaso mu yandi kugira bakure ico kibazo mu nzira. Yamara ivyo biganiro ntaco vyavuyemwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG