Uko wahagera

Perezida Zuma Yoba Agiye Gukomborwa?


Inama nshingamateka ya Afurika y’epfo kuri uno wa Mungu yatangaje ko mu ndwi iza, izokwihweza nimba Perezida Jacob Zuma yovanwa ku butegetsi canke akabugumako.

Iyo ngingo, isohotse inyuma yuko Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro muri ico gihugu, mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka w'2017, yari yarasavye abashingamateka kwiga uburyo Perezida Zuma yokomborwa.

Bimwe muvyo iyo sentare yagiriza Zuma, ni ukurya ibiturire, gusesagura amatungo y’igihugu no gukoresha amafaranga ya Leta mu nyungu ziwe bwite.

Ingingo y’inama nshingamateka ya Afurika y’Epfo izoja ahabona kuri uno wa gatatu canke ku wa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG