Uko wahagera

ANC Irabanda Ihangana n'Ikibazo ca Perezida Zuma


Icegere ca Perezida w'Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa mu birori vyo kwibuka imyaka ijana ya Nelson Mandela, Cape Town, Ukwezi kwa kabiri, itariki 11, 2018.

Umukuru w’umugambwe ANC uri ku butegetsi muri Afurika y’epfo, yatangaje kur’uyu w’Imana ko uwo mugambwe ugiye gutunganya inama yo kurabira hamwe kazoza ko perezida Jacob Zuma yagirizwa ivyaha bitari bike.

Cyril Ramaphosa yavuze ko yatumyeko inama y’uwo mugambwe ku rwego rw’igihugu kur’uyu wa mbere, kugira abashikirize aho Perezida Zuma yavuze ko ahagaze nk’umukuru w’igihugu, mu gihe Ramaphosa hamwe n’abo bari kumwe bariko bamusaba gutanga imihoho.

Ramaphosa yagize ati: "Abanyagihugu bacu bakeneye ko iki kibazo kiva mu nzira. Iyi nama ni co izoba igamije gukora”. Ivyo yabibwiye abanywanyi b’umugambwe mu gisagara ca Cape Town.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG