Uko wahagera

Impinduka muri ANC Zishobora Kubangamira Perezida Zuma


Umukuru wa ANC , Cyril Ramaphosa, iburyo, na Perezida Jacob Zuma yahoze arongoye uwo mugambwe, bibuka imyaka 106 umugambwe umaze, London, Afrika y'Epfo, Ukwezi kwa mbere, 2018.
Umukuru wa ANC , Cyril Ramaphosa, iburyo, na Perezida Jacob Zuma yahoze arongoye uwo mugambwe, bibuka imyaka 106 umugambwe umaze, London, Afrika y'Epfo, Ukwezi kwa mbere, 2018.

Umuyobozi mushasha w’umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo, ANC, Cyril Ramaphosa ariko agerageza gutera atwara ubutegetsi buri mu minwe ya Prezida Jacob Zuma. Yamara ategerezwa kuvyitondera kugira nyibishavuze abashigikiye Zuma canke ngo bihungabanye Reta. Ivyo bitangazwa n’abakwirikirana ivya poritike.

Cyril Ramaphosa yatowe mu mabanga y’ukuyobora umugambwe ANC mu kwezi kw’icumi na kabiri, aho yasubiriye Zuma.

Ukwo kubisikanya k’ubuyobozi bw’umugambwe ANC kwakurikiye ivyagirizo vya ruswa kuri Zuma n’ivyagirizo ko yarekuriye umuryango ukomeye uzwi kw’izina rya Gupta kwivanga muri reta yiwe, harimwo guhitamwo bamwe mu bashikiranganji.

Kw’itariki umunani z’ukwezi kwa mbere kw’uyu mwaka, Ramaphosa yarashikirije imigambi y’umugambwe ANC ishimikiye ku gushira mu ngiro ihindurwa ry’ibintu vyataye igihe, gushira imbere ugukorera ahabona n’ukurandurana n’imizi ruswa mu nzego za Reta.

Kur’uyo musi nyene Prezida Zuma yaratangaje ishirwaho rya komisiyo ijejwe itohoza ku vyagirizo vya ruswa muri Reta yiwe.

Abakwirikirana ibintu bavuga ko ico cari iciyumviro c’abayobozi bashasha b’umugambwe ANC. Yamara ko Zuma ata kundi yari kugira atari ugutangaza ivyerekeye iyo komisiyo

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG