Uko wahagera

Perezida Zuma Yemereye Ubutungane Kuzomutohozako


Perezida wa Afrika y'epfo, Jacob Zuma.
Perezida wa Afrika y'epfo, Jacob Zuma.

Perezida wa Afrika y’epfo, Jacob Zuma kur’uyu wa kabiri yatangaje ko agiye kugena komisiyo y’ubucamanza yari irindiranwe igishika izoba ijejwe gutohoza ku biturire bivugwa ku burongozi bukuru bw’igihugu, amaze amezi yagirizwa ubwiwe.

Iyo komisiyo yari imaze amezi atari make isabwa n’abatavugarumwe n’ubutegetsi bwiwe. Ni ingingo ifashwe inyuma y’umwaka hasohowe raporo irega umukuru w’igihugu Zuma ivyaha vy'ibiturire no gukoresha amafaranga ya reta ku nyungu ziwe bwite.

Mu kwezi guheze niho umushikirizamanza w’i Pretoria yategeka Zuma gushiraho iyo komisiyo mu kiringo kitarenze imisi 30, ivyo yemeye abanje gutera igere.

Umukuru w’iyo komisiyo ni icegera c’umukuru wa sentare yubahiriza ibwiriza nshingiro, Raymond Mnyamezeli Mlungisi Zondo.

Jacob Zuma mu kwezi guheze niho yashikiriza uburongozi bw’umugambwe ANC, uri ku butegetsi, uburongozi yari amazemwo imyaka 10, asubirirwa na Cyril Ramaphosa, icegera c’umukuru w’igihugu, ari nawe azoshikana uwo mugambwe mu matora yo mu mwaka w’ 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG