Uko wahagera

Perezida Zuma Yagumijweko Icizere ku Ncuro y'Umunani


Perezida Jcob Zuma wa Afrika y'Epfo
Perezida Jcob Zuma wa Afrika y'Epfo

Perezida wa Afrika y’epfo Jacob Zuma ku ncuro y’umunani yaraye arusimvye aho abashingamateka bongeye kumugumizako icizere.

Inyuma y’impari zamaze amasaha ane, abashingamateka 198 ku ma 384 bari bitavye ibikorwa barahakanye kumukura k’ubutegetsi.

Naho atakivuye kubutegetsi, amezi ar’imbere ntazomworohera na nyaburya umugambwe ANC uri k’ubutegetsi m’ukwezi kwa cumi na kabiri utegekanya gutora umukuru wawo mushasha.

ANC waratakaje ibisagara bitatu mu matora y’indongozi z’imitumba yabaye mu mwaka wa 2016, bivanye nuko Zuma abandanya yagirizwa kurya ibiturire.

Umugambwe Democratic Alliance, utavugarumwe n’ubutegetsi niwo watanze iyo nteguro yo kumukurako icizere mu nama nshingamateka, uvuga ko Zuma atagikwiye kuba uburongozi bw’ico gihugu

Imigambwe iteye kubiri na reta yari yasavye ko ayo matora aba mw’ibanga kugira ntihamenyekane abashingamateka ba ANC bazohava bagirizwa guta umurongo mu kudashigikira perezida wabo

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG