Uko wahagera

Ingingo y'Ubutungane Irindiriwe kuri Kazoza ka Jacob Zuma


Ubutungane bwo muri Afrika y’epfo kur’uyu wa gatanu niho bushikiriza ingingo irindiranwe igishika cinshi ishobora kwongera gushira ahabona ivyaha biri ku gatwe ka Perezida Jacob Zuma bimaze imyaka irenga cumi ku meza y’ubutungane.

Sentare nkuru y’iyungururizo yo mu gisagara ca Bloemfontein, hagati muri Afrika y’epfo, ishobora kwemeza canke guhanagura ivyaha 783 vyagirizwa Zuma birimwo kurya ibiturire, kunyuruza amatungo ya reta, n’ibindi.

Mwibuke ko Zuma akiri icegera c’umukuru w’igihugu yagirizwa gufpumbatishwa mw’isoko y’ibirwanisho y’agaciro k’imiriyaridi 4,2 vy’amafaranga y’Abanyaburaya yasinywe mu mwaka w’1999 hagati ya Afrika y’epfo n’amashirahamwe y’Iburayi.

Ico gihe ivyo vyaha vyaramwagiriye ariko mu mwaka w’2009 sentare yarabimukuyeko ivuga ko ivyo birego bishingiye ku mvo za poritike.

Umugambwe ukomeye mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi Democratic Alliance, kuva ico gihe wagumye uhangana n’ubutungane, gushika mu mwaka w’2016 uremererwa ko urwo rubanza rwokwongera kwihwezwa.

Ariko n’aho nyene mu kwezi guheze ababuranira Zuma barashoboye kwumvisha ubutungane burahagarika kumukurikirana.

Kur’uyu wa gatanu rero sentare y’ I Bloemfontein ishobora kubimukurako, mugihe vyogenda uko abamwagiriza bazoca bitura sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG