Uko wahagera

SAF: Ijambo rya Perezida Zuma Ryasubitswe


Perezida Jacob Zuma w'Afurika y'Epfo
Perezida Jacob Zuma w'Afurika y'Epfo

Umukuru w’inama nshingamateka na nkenguzamateka mu gihugu ca Afrika y’Epfo Baleka Mbete yatangaje kw’ijambo ryo gushikiriza abanyagihugu ukuntu igihugu cifashe ryari ritegekanijwe gushikirizwa na Perezida Jacob Zuma ku musi wa kane ritagishikirijwe.

Mbete yabitangaje mu gihe hari utwigoro dukomeye turiko turakorwa kugira ngo perezida Zuma atange imihoho. Ni ukubera ibirego vya ruswa vyatumye atakaza icizero mu mugambwe wiwe ANC uri ku butegetsi. Mbete avuga kw’iyo ngingo yo gusibisha iryo jambo nyamukuru, yafashwe ku nyungu z’igihugu.

Imigambwe itavuga rumwe na reta ivuga ko Zuma adakwiye gushikiriza iryo jambo. Iyo migambwe yongeye irasaba kw’iryo jambo ryokwungururizwa ku wundi musi.

Abashingamateka bamwe bamwe batavuga rumwe na reta, barigeze kudurumbanya amajambo yariko ashikirizwa na Zuma mu nama nshingamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG