Uko wahagera

Intambara Hagati ya Isirayeli na Palestina Irabandanya


Umuntu yagwiriwe n'inyubako yasenywe n'igisasu carashwe n'igisirikali ca Isirayeli

Isirayeli n'abarwanyi b'Abanyapalestina bo mu mutwe wa Hamas babandanije gutana mu mitwe uno musi ku wa kabiri. Ibitero vya gisirikare hagati y’izo mpande zibiri bimaze ikiringo kirenga indwi.

Indege z’ingwano za Isirayeli zasubiye kurasa mu ntara ya Gaza, mu gihe ibitero vy’amarokete vy’abarwanyi b’Abanyapalestina vyabandanije mu bumanuko bwa Isirayeli.

Amakungu aratewe impungenge n’ingwano ibandanya hagati y’izo mpande zibiri, mu gihe utwigoro two guhagarika ubwicanyi tubandanya.

Umutegetsi mukuru ajejwe imigenderanire w’umuryango w’Ubumwe bw’Ubulaya, Joseph Borrell, ari mu biganiro uno musi ku wa kabiri n’abashikiranganji bajejwe imigenderanaire b’uwo muryango mu ntumbero yo guhagarika ingwano hagati ya Israyeli n’Abanyapalestina.

Umuvugizi w’ibiro vya prezida wa Amerika, Jen Psaki yabwiye abamenyeshamakuru, ku musi wa mbere, ko bipfuza guhagarika imishamirano hagati ya Isirayeli n’umurwi Hamas mu buryo bwihuta bushoboka. Yavuze ko izo mpande zompi zisabwa guhagarika ibitero.

Prezida wa Amerika, Joe Biden ejo ku musi wa mbere, yaravuganye kuri telefone n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu. Yasubiye kwerekana ko ashigikiye ko Isirayeli itegerezwa kwivuna ibitero vy’amarokete bidasobanura. Yamara yasavye ico gihugu gukingira abasivile ataco bazira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG