Uko wahagera

Kenya: Polisi Yashwiragije Abiyamiriza Ibitero vya Isirayeli muri Gaza


Abapolisi muri Kenya bashwiragiza abari mu myiyerekano

Abantu barenga 200 bariko bagira imyiyerekano ku murwa mukuru Nairobi, uno musi ku wa kane biyamiriza ibitero vy’amabombe vya Israyeli mu ntara y’Abanyapalestina ya Gaza.

Iyo myiyerekano yatanguye inyuma y’ibisabisho vya Eid mu musigiti ku murwa mukuru, Nairobi. Abatari bake bari muri yo bahagaritswe.

Abari mu myiyerekano bari bafise ibicapo n’inzandiko ziriko amabendera ya Palestina zivuga ko Abanyakenya bifatanije na Palestina, ko Abanyapalestina badafise ukwidegemvya, ko ubwingenge bwabo butoba bwizuye.

Abantu batari bake barishwe mu bitero vy’indege z’ingwano za Israyeli mu ntara ya Gaza kuva intambara hagati y’ico gihugu n’umurwi Hamas itanguye ku musi wa mbere. Abantu batari bake muri Israyeli barapfuye bahitanywe n’ibitero vy’amarokete vy’umurwi Hamas.

Boniface Mwangi agwanya ruswa akongera akaba aharanira uburenganzira bw’ikiremwa muntu avuga ko Israyeli arico gihugu kirangwa n’ivangura nk’irya apartheid gisigaye kw’isi.

Amenyesha ko intwaro karyanishamiryango ya apartheid muri Afrika y’epfo itari gusenyuka iyo amakungu atayiremera bikomeye. Avuga ko agacerere k’amakungu ku biriko bibera mu ntara ya Gaza ariko kariko gatuma Israyeli ibandanya ivyo iriko irakora.

Israyeli iriyamiriza abayigereranya n’intwaro karyanishamiryango yahoze muri Afrika y’epfo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG