Uko wahagera

Netanyahu Yemeza ko Isirayeli Itazohagarika Ibitero vy'Indege kuri Gaza


Igorofa ya al-Jalaa ahakorera ibimenyeshamakuru Associated Press (AP) na Al Jazeera i Gaza, kw'itariki ya 15/05/2021.
Igorofa ya al-Jalaa ahakorera ibimenyeshamakuru Associated Press (AP) na Al Jazeera i Gaza, kw'itariki ya 15/05/2021.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu yavuze kuri uyu w’Imana ko ata mugambi afise wo kurangiza vyihuta ibitero vy’indege muri Gaza, inyuma y’amasaha indege ziwe za gisirikare zisambuye amagorofa atatu, zongera zica abantu bashika 42.

Mw’ijambo yashikirije kuri Televiziyo NBC yo muri Amerika, yavuze ko ibitero bizobandanya hakoreshejwe inguvu zose zishoboka kandi bizofata igihe. Yavuze ko naho hari utwigoro tw’amakungu asaba ko haba amasezerano, ibitero vyo gusambura umuhari w’iterabwoba Hamas bizobandaya kugira uwo muhari ntuzosubire guhungabanya umutekano w’igihugu ciwe.

Mu gatondo ko kuri uyu w’Imana, Isirayeli yateye bombe inzu ya Yehya Al-Sinwar, umukuru wa Hamas i Gaza, ku musi wikurikiranya ugira indwi w’ibitero. Ntibiramenyekana ko Sinwar yari mu rugo iwe ico gihe. Amakuru yashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press, yavuze ko yoba yari yinyegeje hamwe n’abandi bategetsi bakuru b’uwo muhari.

Ku rundi ruhande, abantu amajana bihereje amabarabara muri Libani kuri uyu w’Imana, biyamiriza ibitero Isirayeli iriko ikorera i Gaza. Akanana ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kakoranye kuri uyu w’Imana, kiyumvira ingene ubwo bwicanyi bwohagarara, kandi Reta zunze ubumwe za Amerika yarungitse umudiplomate mu karere kugerageza ingene hoba ihagarikwa ry’ibitero.

Abashikiranganji b’imigenderanire b’ubumwe bwa Buraya barakorana kuri uyu wa kabiri bifashishije ubuhinga bwa Videwo, kuri iyo mirwano hagati ya Isirayeli n’abanyepalestina. Josep Borrell, ashinzwe imigenderanire muri uyo muryango, yavuze kuri uyu w’Imana ko abo bashikiranganji bazoganira ku kuntu ubumwe bwa Buraya bwofasha mw’irangiza ry’izo ntambara.

Kuva izo ntambara zitangura kuwa mbere w’indwi iheze, abanyepalestina barenga 192 baramaze kuhasiga ubuzina, barimwo abana 58 hamwe n’abagore 22, nkuko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Gaza bubivuga. Abanyesirayeli bashika 10 baramaze kwicwa n’ibisasu vya roketi vyatewe n’umuhari Hamas.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG