Uko wahagera

Icuka Kibandanya Kuba Kibi Hagati ya Isirayeri na Hamas


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benhamin Netanyahu
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benhamin Netanyahu

Isirayeri yagavye igitero ku muhana wa Yehya Al-Sinwar, atwara umurwi wa Hamas mu karere ka Gaza. Itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, rivuga ko bishoboka ko igihe iki gitero cagabwa mu gatondo k’uno wa Mungu, iyo ndongozi ya Hamas yari yinyegeje kumwe n’izindi ndongozi z’uwo murwi.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu yagabishije ko ibitero igihugu ciwe kimaze indwi gikora ku birindiro vya Hamas bigiye kubandanya, yongera abwira abatwara uwo murwi ko bidakunda ko baguma binyegeje, haba “mu kuzimu canke kw’isi”. Umwe mu batwara Hamas ari I Doha ku murwa mukuru wa Qatar nawe yabwiye Netanyahu ko ariko akina n’ico yise umuriro.

Hagati aho, ejo ku wa gatandatu Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Joe Biden mu kiganiro yagiranye kuri terefone na Netanyahu yamubwiye ko Amerika ishigikiye umukenyuro wose Isirayeri izofata mu gutuza Hamas n’iyindi mihari yose y’iterabwoba.

Bitegekanijwe ko kuri uno wa Mungu akanama ka ONU kajejwe umutekano kaza kwiga kuri iki kibazo. Mw’itangazo rigufi umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU yasohoye, yavuze ko ONU irajwe ishinga n’abasivile bariko bararwa muri ibi bitero. Kimwe mu vyababaje cane ONU, ni icahitanye abantu cumi bo mu muryango umwe wo muri Palestina.

Abanyepalestina n’imiburiburi 145 baramaze guhitanwa n’ibi bitero Isirayeri yatanguye gukora ku wa mbere ku birindiro vya Hamas. Muri abo, harimwo abana 41 n’abagore 22. Ku rundi ruhande, Isirayeri ivuga ko abanyagihugu bayo bahitanywe n’ibitero vya Hamas ari 8. Abamaze kubikomerekeramwo ku ruhande rwa Palestina barenga 1100.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG