Uko wahagera

Akanama ka ONU Ntikumvikana ku Kibazo ca Isirayeli na Palestina


Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kakoranye mu yindi nama yihuta kuri uyu wa gatatu, ku ruhagaraga ruri hagati ya Isirayeli na Palestina. Ariko abakagize ntibashoboye kwemeranya gusohora itangazo, kubera Reta zunze ubumwe za Amerika, somambike na Isirayeli itabishigikiye, nkuko abadiplomate babivuze.

Nkuko amakuru ava ahatandukanye yabivuze, 14 kuri 15 bagize ako kanama bemeranije gusohora itangazo ryari rigamije kugabanya icuka kibi.

Ariko Amerika yabonye ko kuba inama yakoranye bihagije kwerekana amakenga, ko itangazo ridashobora guhesha urwo ruhagarara, nkuko abadiplomate batashimye kumenyekana babivuze.

I Washington, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken, yavuze ko intumwa ya Amerika igiye kugendera ubuseruko bwo hagati, gufasha kugarukana ituze hagati ya Isirayeli na Palestina.

No mu nama ya mbere y’ako kanama ku musi wa mbere, Amerika yaranse gushigikira urwandiko rwateguwe na Tuniziya, Norvege n’Ubushinwa, rwasaba impande zose guhagarika gusotorana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG