Uko wahagera

Abakomanda Batari Bake ba Hamas Barishwe n'Ibitero vy'Indege za Isirayeli


Abantu bariko baraba ibisigarira vy'ibibomoke vy'inzu zasambuwe n'ibitero vy'ingede za Isirayeli i Gaza, kw'itariki ya 12/05/2021
Abantu bariko baraba ibisigarira vy'ibibomoke vy'inzu zasambuwe n'ibitero vy'ingede za Isirayeli i Gaza, kw'itariki ya 12/05/2021

Abakomanda batari bake bo mu muhari Hamas barishwe mu bitero vy’indege za Isirayeli muri Gaza. Uwo muhari Hamas hamwe na Isirayeli babitangaje kuri uyu wa gatatu, mu gihe imigwano hagati y’izo mpande zibiri ikibandanya.

Hamas wavuze ko umukuru wayo wa gisirikare mu gisagara ca Gaza, Bassem Issa, hamwe n’abandi bategetsi bakuru ba gisirikare bishwe muri ivyo bitero.

Ikigo kijejwe umutekano hagati muri Isirayeli cavuze ko Issa hamwe n’abandi bakomanda ba Hamas, barimwo umukuru ajejwe ubuhinga bwa Injeniyeri muri uwo muhari hamwe n’uwujejwe guhingura roketi, bishwe. Muri rusangi, reta ya Isirayeli yavuze ko yishe 16 mu gisirikare ca Hamas.

Aba bishwe inyuma y’aho Isirayeli igabiye ibindi bitero vy’indege muri Gaza mu mutwenzi wo kuri uyu wa gatatu, ibitero vyari bitumbereye igiporisi hamwe n’ahari ivyuma vyo gucungera umutekano.

Ugutana mu mitwe hagati y’abanyapalestina na Isirayeli muri Gaza na Yerusalemu kwatanguye kuva ku musi wa mbere.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu wa Gaza, havuze ko abanyapalestina bashika 53 barimwo abana 13 bahasize ubuzima. Abandi bashika 300 barakomeretse.

Haruhande y’abo, abanyesirayeli 6 barishwe n’ibitero vya roketi vyatewe n’umuhari Hamas ku musi wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG