Ingwano yasubiye kubandanya hagati ya Armaniya na Azerbayijani irageramiye agahengwe hagati y'izo mpande zibiri kari kahagarikiwe na Reta zunze ubumwe za Amerika.
Ivyo bihugu vyompi vyagirizanije uno musi ku wa mbere ko vyarenze ku masezerano y’uguhagarika ingwano aherutse guhagarikirwa na Amerika mu ntara ya Nagorno-Karabach. Ivyo vyatumye haba impungenge ku vyerekeye guhagarika ingwano muri iyo ntara.
Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, Prezida wa Azerbayijani, Ilham Aliyev, yatangaje ko ashaka gutorera inyinshu intambara muri ako karere hakoreshejwe uburyo bw’igisivile n’ubwa gisirikare. Yasubiye gusaba ko abo mu bwoko bw’abanya Armeniya bava mu ntara ya Nagorno-Karabach kugira sinagwano ihagarare.
Prezida wa Armeniya, Nikol Pashinyan, yashize ubutumwa imbere yaho ku rubuga Facebook avuga ko igihugu ciwe kibandanya kwubahiriza amasezerano y’uguhagarika ingwano. Ingwano yasubiye kwaduka mu ntara ya Nagorno-Karabach kw’italiki 27 y’ukwezi kw’icenda. Abantu amajana n’amajana barishwe
Ibihugu bikomeye vyo kw’isi ntibishaka ko ingwano yo mu ntara ya Nagorno-Karabach itandukira akarere. Agahengwe ka nyuma kumvikanyweko ku musi w’Imana urangiye mu biganiro abashikiranganji bajejwe imigenderanire ba Armeniya na Azerbayijani bagiranye n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Mike Pompeo
Facebook Forum