Ibihugu vya Armeniya na Azerbaijani vyatangaje ubugira gatatu ko vyumvikanye ku guhagarika imirwano ku ntara bipfa ya Nagorno-Karabakh guhera isaha zibiri z’agatondo uyu wa mbere.
Iri tangazo rije rikurikiye ayandi masezereno abiri nk’ayo yafashijwemwo n’Uburusiya yahonyanzwe agisinywa, aho impande zose zagiranije kutayubahiriza.
Aya masezerano mashasha yatangajwe mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana n’amareta ya Amerika, Armeniya na Azerbaijani. Iri tangazo rivuga ko aya masezerano yabaye hagati y’abashikiranganji b’imigenderanire n’amakungu ba Azerbaijani, Armeniya hamwe n’icegera c’umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigendaranire n’amakungu, Stephen E. Biegun.
Abo bashikiranganji babiri, bongeye kwiyemeranya gushira mu ngiro ayo masezerano no kureka imfashanyo zigashikira abanyagihugu nkuko vyari vyemeranijwe mu kwezi guheze.
Imirwano ihitiye yatanguye kw’itariki ya 27 y’ukwezi kw’icenda yagaragayemwo ibisasu bikomakomeye n’indege za drone, ihitana abantu amajana.
Facebook Forum