Uko wahagera

Amerika mu Twigoro two Guhuza Azerbaijani na Armeniya


Abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu vya Azerbaijani na Armeniya bazobonana umwe umwe ukwiwe na mugenzi wabo wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Mike Pompeo i Washington kuri uyu wa gatanu.

Reta ya Perezida Trump rifatanije n’amakungu mu twigoro two guhoyahoya intambara iriko ihuza ivyi bihugu, utwigoro twatangujwe n’Uburusiya tugamije guhagarika iyo ntambara imaze guhitana abanyagihugu n’abasirikare baharurwa mu majana ku mpande zibiri kuva yongeye kwaduka mu kwezi kw’icenda.

Amerika yasavye impande zibiri guhagarika imirwano no gusubira ku meza y’ibiganiro ku ntara bapfa ya Nagorno-Karabakh, izwi ko yegukira Azerbaijani ariko itwarwa n’ubwoko bw’aba-Armeniya.

Iyo mibonano yo kuri uyu wa gatanu ni intambwe ihambaye Amerika izoba iteye muri dipolomasiya kugira haboneke ihagarikwa ry’intambara. Amasezerano yo guhagarika imirwano Uburusiya bwafashijemwo mu ntango z’uku kwezi ntiyubahirijwe.

Perezida wa Azerbaijani muri iyi ndwi yavuze ko abasirikare biwe bashobora gufata intara ya Nagorno-Karabakh ku nguvu. Turukiya yavuze ko itazohigimanga kurungika abasirikare bayo n’ibikoresho muri Azerbaijani mu gihe yobisabwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG