Uko wahagera

Intambara Hagati ya Armeniya na Azerbaijani Irabandanya


Umwe mu banyagihugu muri Azerbaijani ahonbera ikiziga c'akana kiwe k'amezi cumi kishwe
Umwe mu banyagihugu muri Azerbaijani ahonbera ikiziga c'akana kiwe k'amezi cumi kishwe

Armeniya na Azerbaijani kuri uno wa mbere vyongeye kwegekanako ibitero n'uruhara rwo kutubahiriza ikiringo co gutanga agahengwe mu ntambara izo mpande zibiri zimazemwo iminsi, zipfa akarere kitwa Nagorno-Karabakh.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Azerbaijani yagirije abasirikare ba Armaniya ko mu gatondo k'uno wa mbere bateye ibisasu mu karere kitwa Agjaberd, mw’ijro ry’ejo ku wa Mungu bakaba babiteye mu burere bubiri ari bwo Terter na Agdam. Perezida wa Azerbaijan, Ilham Aliev, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yashimangiye ayo makuru yemeza ko abasirikare bahanganye n'abiwe bishe abanyagihugu atatomoye igitigiri.

Ku rundi ruhande, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Armeniya we ahubwo yagirije Azerbaijani ko kuva ejo mw’ijoro n’uno munsi mu gatondo ingabo ziwe zabasomborokeje mu kumijagura ibisasu mu bice bitandukanye vya Armeniya.

Ubundi izo mpande zibiri zari zumvikanye ko ejo ku wa Mungu zibwirizwa guhagarika ingwano, zigatanga agahengwe, ariko iryo sango ntaryo zubahirije. Itororokanirizo ry’amakuruy’abafaransa, AFP, ritangaza ko ingwano hagati ya Armeniya na Azerbaijani kuva itangura mu mpera z’ukwezi kw’icenda imaze guhitana n’imiburiburi 700.

Akarere ka Nagorno-Karabakh gateye amatati naho kemewe mu makungu nk’akegukira Azerbaijani, gategekwa n'abo mu bwoko bw'abanyarmeniya. Kuva mu 1994 hasinywa amasezerano y’amahoro hagati y’izo mpande zibiri zishamiranye, intambara yo kuri ino ncuro ni yo ya mbere ikaze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG