Uko wahagera

Croix Rouge Iratabariza Abanyagihugu muri Armeniya na Azeribayijani


Abatabara bari ahatewe ibisasu vya roketi mu gisagara ca Ganja, kw'itariki ya 4/10/2020.
Abatabara bari ahatewe ibisasu vya roketi mu gisagara ca Ganja, kw'itariki ya 4/10/2020.

Ishirahamwe mpuzamakungu ritabara imbabare Croix Rouge, kuri uyu w’Imana ryiyamirije ibitero biba hagati y’ingabo za Armeniya na Azeribayijani, bapfa intara ya Nagorno-Karabakh, mu kuvuga ko izo ntambara zitubahiriza amategeko mpuzamakungu.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Azeribayijani bwavuze ko abasirikare ba Armeniya bateye igisagara ca Ganja, kibamwo abantu barenga 330 000 mu burengero bwa Azerbaijani. Uruhande rumwe rwagiriza urundi ko rutera abanyagihugu.

Umuyobozi wa Croix Rouge mu karere ka Bulaya na Aziya, Martin Schuepp, yavuze ko ivyo bitero bikoresha ibisasu biturika mu bisagara no mu bindi bice bibamwo abantu benshi.

Abategetsi muri ivyo bihugu bibiri bavuga ko hafi abantu 250 barimwo hafi abasivile 40 bamaze gupfa kuva iyo mirwano itangura.

Amashirahamwe atanga imfashanyo aridoga ko ivyo bisasu vyasambuye amazu y'abanyagihugu aharurwa mu majana n’izindi nyubakwa nk’amavuriro n’amashure.

Intara ya Karabakh yatangaje ko yikukiye kuri Azeribayijani igihe ubumwe bw’abasoviyeti bwasambuka mu ntango zo mu myaka y’1990, ahabaye intambara zahitanye ubuzima bw’abantu 30 000.

Ibiganiro vyo gutorera umuti iyo ntambara vyateye intambwe ntoya kuva haba amasezerano yo guhagarika imirwano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG