Uko wahagera

Armeniya na Azerbaijani Biyemeje Kubandanya Intambara


Umusirikare wo muri Armeniya atera vya muzinga ku basirikare ba Azerbaijani.

Ibihugu vya Armeniya na Azerbaijani vyiyemeje kubandanya intambara mu kwanka akamo batewe n’amakungu kuri uyu wa gatatu ko kuganira, mu gihe imirwano yinjiye ku musi wa kane.

Inteko z’ivyo bihugu bibiri zimaze imyaka zitana mu mitwe bapfa intara ya Karabakh, irimwo ubwoko bw’abo muri Armemiya yiyonkoye kuri Azerbaijani mu myaka y’1990, igihe ubumwe bw’abasoviyeti bwasambuka.

Gushika kuri uyu wa gatatu, abamaze gusiga ubuzima muri izo ntambara barenga 100, barimwo abasivile kandi impande zirwana zivuga ko zatakaje abatari bake.

Uburusiya, bufise amasezerano ya gisirikare na Armeniya ariko kandi bufitanye imigenderanire na Azerbaijani, bwamye busaba ko izo ntambara zihagarara kandi kuri uyu wa gatatu bwemeye ko bwiteguye kwakira ivyo biganiro.

Perezida wa Azerbaijani, Ilham Aliyev, yemeye ko igisirikare ciwe kizobandanya kirwana gushika abasirikare ba Armeniya bavuye bose mu ntara ya Karabakh.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG