Uko wahagera

Intambara Hagati ya Armeniya na Azerbaijan Imaze Guhitana 100


Umusirikare wa Armeniya mu mirwano
Umusirikare wa Armeniya mu mirwano

Abantu bababa 100 ni bo bamaze kumenyekana ko baguye mu ntambara ibandanya guhuza abasirikare ba Armeniya na Azerbaijan. Iyo ntambara yatanguye ku munsi wa Mungu ni yo ya mbere ikomeye ihuje izo mpande zibiri kuva zatangura gupfa akarere kitwa Nagorno-Karabakh.

Kuva mu 1994, ako karere gafatwa nk’aka Azerbaijan kagenzurwa na Aremeniya. Mu baguye muri uko gutana mu mitwe, harimwo abasivile n’abasirikare naho ibiharuro biterekana neza bangahe bahaguye ku mpande zitandukanye.

Mu gihe akanama ka ONU kajejwe umutekano kamaze gutangaza ko kaza guhura kicarira iki kibazo kuri uno wa kabiri, impande zishamiranye zatangaje amategeko yo mu bihe vy’intambara, zegekanako mu kwagirizanya agasomborotso.

Ibihugu bitandukanye na vyo ntibiriko bivuga rumwe ku vya runo ruhagarara. Turukiya yatangaje ko iri ku ruhande rwa Azerbaijan, ivuga ko “iriko irarenganywa”, kandi yiteguye gufasha ico gihugu kongera kugenzura ubutaka bwaco.

Uburusiya busanzwe bufise abasirikare muri Armeniya bwo bwasavye ko intambara ihagarara ata kirinze gusabwa, bwongera buhamagarira kureka kudomeka umucanwa. Ubumwe bwa Bulaya na bwo bwavuze ko burajwe ishinga na kino kibazo, kandi ko budateze kwemerera igihugu na kimwe kucivangamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG