Uko wahagera

Ikiringo co Gushinga Reta Mfatakibanza muri Sudani Kizubahirizwa?


Perezida Salva Kiir na Riek Machar
Perezida Salva Kiir na Riek Machar

Umukuru w’abarwanya ubutegetsi muri Sudani y’Epfo, Riek Machar, ari mu rugendo i Juba. Ni urugendo rugamije kuraba ingene amasezerano y’amahoro yoshirwa mu ngiro imbere y’uko hashingwa Reta mfatakibanza ibwirizwa kujaho bitarenze itariki ya 12 ukwezi kwa cumi na rimwe.

Vyitezwe ko Riek Machar agirana umubonano na Perezida Salva Kiir. Ibiganiro vyabo bibera mu ngoro ya Perezida Kirr biza kuba ata wundi muntu abumva nkuko umuvugizi w’umugambwe SPLM-IO wa Riek Machar yabitangaje.

Bimwe mu vyo Machar asaba kugira amasezerano y’amahoro aboneke muri ico gihugu kiri mu ndyane za politike kuva mu 2013, birimwo ko Sudani y’Epfo itanga ivyemezo ko akaramuka ahungutse burundu umutekano wiwe uzokingirwa.

Mu nteguro y’amasezerano ataraja mu ngiro, Riek Machar bitegekanijwe ko azoba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, abafashe umuheto bagwanya ubutegetsi bakaja mu gisirikare gihuriyemmwo bose.

Intambara yo muri Sudani y’Epfo imaze guhitana abagera ku 380.000 yangaza abarenga imiliyoni 4.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG