Uko wahagera

Perezida Kiir Aremeza Ishingwa rya Reta y'Ubumwe mu kwa 11


Perezida wa Sudani y'ubumanuko, Salva Kiir mu musi wahariwe gusengera amahoro mu gihugu, ku ngoro yiwe i Juba, kw'itariki 19/09/2019.

Perezida wa Sudani y’ubumanuko Salva Kiir yashikirije ko mu kwezi kwa cumi na kumwe hategerezwa gushingwa reta y’ubumwe, naho hari ibibazo bitari bike bitaratorerwa inyishu. Yabishikirije mu masengesho yatunganije ku kirimba ciwe ejo kuwa kane.

Kiir yavuze ko mu gihe umuhari SPLM-IO utavuga rumwe na reta wokwanka ishingwa ry’iyo reta, izindi mpande zasinye amasezerano y’amahoro bakwiye kuja hamwe n’abandi hagashingwa iyo reta. Kiir yahaboneye akaryo ko gutegeka abasirikare hamwe n’abajejwe umutekano guhagarika ubusuma ku banyagihugu bo ku murwa mukuru Juba bakoresheje ibirwanisho.

Abantu bashika ku 1,000 barimwo abategetsi ba reta, abacamanza, abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, hamwe n’abakuru b’amadini bari bitabiriye ayo masengesho y’ejo kuwa kane.

Mu kwezi kwa kane, Perezida Kiir hamwe n’uwo batavuga rumwe Riek Machar barafashe urugendo rwabashikanye i Vaticano ku butumire bwa Papa Fransisiko gusengera amahoro muri Sudani y’ubumanuko no gukorera hamwe ku neza y’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG