Uko wahagera

Ibiganiro Rukokoma Bigamije Kurangiza Intambara muri Sudani


Abdallah Hamdok, umushikiranganji wa mbere wa Sudani.

Umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdallah Hamdok azokwitabira ibiganiro vy’amahoro ku murwa mukuru wa Sudani y’ubumanuko kuri uyu wa mbere. Ivyo biganiro bizitabwa kandi n’abakuru b’imirwi irwanya reta yiwe, iva mu ma reta atandukanye ya Sudani.

Aya makuru yemejwe na Ateny Wek Ateny, umuvugizi wa perezida wa Sudani y’ubumanuko Salva Kiir, abibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP kuri uyu w’Imana.

Abandi batumiwe ni umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed, Perezida wa Uganda Yoweri Museveni n’uwa Kenya, Uhuru Kenyatta, kugira bahe uburemere ivyo biganiro, nkuko Ateny abishikiriza.

Umushikiranganji wa mbere Hamdok yahawe igikorwa co gushikana Sudani ku butegetsi bw’abasivile, ariko yashikirije ko yipfuza kurangiza intambara n’abarwanya reta arongoye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG