Uko wahagera

Sudani: Jenerali Abdel Fattah Ararahirira Kurongora Iguhugu


Liyetena Jenerali Abdel Fattah Al-Burhan, hamwe n'umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bahejeje gusinya amasezerano yo gusangira ubutegetsi. Itariki 17/08/2019

Muri Sudani, abajenerali hamwe n’urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi kuri uyu wa kabiri barashinze inama y’igihugu izorongora igihugu mu myaka itatu y’imfatakibanza imbere yuko abasivile bashikira uburongozi bw’igihugu, nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi w’akanama k’abasirikare barongoye igihugu kuva Omar al Bashir akuwe ku butegetsi mu kwezi kwa kane.

Ako kanama gashasha kagizwe n’abasirikare batanu hamwe n’abasivile batandatu kazoba karongowe na jenerali Abdel Fattah al-Burhan, azorahirira ayo mabanga kuri uyu wa gatatu, nkuko vyashikirijwe n’uwo muvugizi Shamseddine Kabbashi, mw’ijambo rigufi yashikirije kuri televiziyo.

Jenerali Abdel Fattah azorongora igihugu amezi 21, mu nyuma ayandi mezi 18 arongorwe n’umusivile imbere yuko hatunganwa amatora ya demokarasi mu 2022.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG