Uko wahagera

Amasezerano y'Amahoro muri Sudani y'Epfo Yoba Agiye Kuvugururwa


Uwahoze ari visi perezida wa Sudani y'ubumanuko Riek Machar ari Roma, mu Butaliyano, Kw'itariki 12/04/2019

Riek Machar, arwanya reta ya Sudani y’ubumanuko yitezwe mu rugendo rwa mbere i Juba ku murwa mukuru mu biganiro na perezida Salva Kiir kuri uyu wa mbere, nkuko amakuru itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP ryashoboye guhabwa na reta n’abatavuga rumwe nayo.

Umuvugizi wa reta, Michael Makuei yashikirije ko Machar agiye kwicarana na perezida Kiir kugira baganire ku bibazo vyose bigisigaye kuganirwako mu mugambi w’amahoro.

Uyo mubonano uje mu gihe ukwezi kwa cumi na kumwe kwumvikanweko mu masezerano yo muri 2018 ko habwirizwa kuzoba habonetse reta ihurikiyemwo bose kwegereje.

Perezida Kiir ntiyari bwigere abonana na Machar kuva bahuriye i Vaticani mu kwezi kwa kane, igihe Papa Fransisiko yatangaza amakungu mu gusoma ibirenge vy’abo bagabo babiri bagirizwa ivyaha vyo mu ntambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG