Uko wahagera

Sudani Yugaye Imbibe Ihana na Libiya na Repubulika ya Centrafrika


Ikarata ya Sudani
Ikarata ya Sudani

Igihugu ca Sudani kuri uyu wa kane categetse kwugara imbibe gihana na Libiya na Repubulika ya Centrafrika ku mvo cise ko ari iz’umutekano. Vyatangajwe n’akanama karongoye igihugu. Ni ingingo ya mbere nk’iyo ifashwe kuva Omar al-Bashir akuwe ku butegetsi.

Ni ingingo yafatiwe mu nama yabereye i Niyala, ku murwa mukuru wa reta ya Darfur y’ubumanuko, nkuko vyashikirijwe n’ako kanama.

Mu myaka iheze, ibinyamakuru muri Sudani vyatangaje ko benshi mu barwanya reta baturuka mu ntara ya Darfur bajabuka muri Libiya kwisuganya muvya gisirikare, abandi biyunga n’igisirikare ca Khalifa Haftar arwanya reta ya Libiya.

Darfur yinjiye mu ntambara mu 2003 igihe abarobeli bo mu bwoko bw’inkehwa bafata ibirwanisho barwanya reta ya Bashir irwiriyemwo Abarabu.

Ibihumbi n’ibihumbi vy’abanyagihugu barishwe muri iyo ntambara, abandi barenga imiliyoni zibiri barata ingo zabo, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG